Samandari wa Mandaranga yabwiye umwami
ati :
- Mbega ko
mbona udasambisha inkozi z’ikibi ?
Umwami ati :
- Uwakoze nabi
nca ndamumenya.
- Ubwo ntabazira
akadodoberezo ? Erega burya na we nokubeshera cofata !
- Uragira ndabe
!
Bukeye, Samandari wa Mandaranga ahumbira
imiganda ayitwara ayicuritse. Abamubonye baramubaza bati :
- Mbe Samandari
ko utwaye imiganda uyicuritse ?
Na we ati :
- Nimukiye
iyo ntashaka ! Aragenda, arashika n’ibwami, abwira umwami ati :
- Mwami w’i
Burundi, nshaka kwiyubakira agasago aho mw’irebe ! Umwami ati :
- Inzu iraja
mu yindi ? Samandari aramuhendahenda, amubwira ati :
- Ni agasago
gatoyi gusa. Umwami agondojwe, arateba aremera ati:
- Ni wubake
data ! Hanyuma Samandari wa Mandaranga azingazinga ka gasago, ashinga n’amashiga, aracana; umwotsi urafumbuka, urarenga
n’ikare, urazibiranya !
Umwami ngo abibone ati :
- Hewe sohoka
. Samandari ati :
- Oya sinsohoka,
wewe cira inzu yawe, jewe ngira nturire rwanje ! Umwami ati :
- Sigaho, sigaho,
ingoro yoyaga ! Ivyo birasiba.
Bukeye Samandari abwira Umwami ati
:
- Ndashonje
! Umwami ati :
Ni bakubagire ikimasa ! Uwundi ati
:
- Oya nticonshikira
nkiriho. Mpa utunyabutongo ni two tunyaruka !
Amweretse aho asoroma, Samandari arakubise
inkono iruzuye, asutsemwo amazi, arabijemwo urubeya rumwe ati : “Sabwe, sabwe, sabwe”.
Kandi atawumuhamagaye. Abwiye umwami ati :
- Urandabira,
uteko ucane. Jeho barampamagaye.
Umwami ati :
- Genda ivyo
nti binanira.
Arasohoka, umwami asigara acanye. Samandari
agarutse, arapfundurura inkono, asanga za nyabutongo zahotse. Aritangaza ati :
- Mwami w’i
Burundi, sinasize inkono yuzuye, none inyabutongo zanje zagiye hehe ?
- Ubwo urikeka
ko jewe nakuririye inyabutongo ?
- Ko nsanze
inaga iri gusa, vuga uwundi yaziriye !
Umwami ati :
- Namba ntunyambike
ibara ! Mpfuma ndazikuriha.
Samandari ati :
- Mbega inyabutongo
zanje ubona woziriha iki ?
- Ndaguha inka
zibiri .
Samandari ati :
- Inka zibiri
nta co zomarira .
Hanyuma ati :
- Mwami w’i
Burundi, ngira nkwereke ko ndi umusavyi. Ivyo ndabiretse mugabo ntuze usubire, kabiri karazirwa.
Haheze iminsi Samandari ararika ngo
acumbe. Ntacumvye, ahakurira irobe ku nkoko. Hamwe ashizemwo intoke ngo abege, asubira kwiyitabisha kandi ngo :
“Sabwe, sabwe, sabwe !”
Yiruka hanze, yimazayo akanya. Aragaruka. Ashitse yirabisha rya robe ati :
“Ha !! Ibi vyo ndabe ko abiva
imbere !”
- Mwami w’i
Burundi, ingo wirabire akamaramaza !
Umwami ati :
- Eheee ! Samanda,
ugira usubire kumbeshera ?
- Oya, ubu
hoho ngira ndabitware mu bagabo, wewe ubona udutoki atari utwo umwami ? Ubona izanje zisa zityo ?
Umwami aramaramara ati :
- Hora Samandari
ntihagire uwuvyumva ! Ntumaramaze ngo hagire uwumva ko nakuririye agatsima ! Ndaguha ivyo ushaka vyose ! Samandari nawe ati
:
- Ugende umpe
inka zuzuye akabande, unyubakire urugo, ushiremwo abungere babiri, wongere unkwere umugore, mpeze data nkuvire mu rwawe !
Umwami arabigira ga !
Samandari wa Mandaranga amaze gushika
muri rwa rugo, aritora, arashengera, abwira umwami ati :
- Mwami w’i
Burundi, hamwe nakubwira nti, sambisha abaje kwicwa, ukagira ngo nta muntu yobesherwa, jewe ntubona ko nakubesheye bigafata
! None rero, kuva ubu, ba ubanza kubaza, ubone guhana uwagize nabi; ahandi ho, urabesheshwa.
Kuva uwo munsi,
umwami n’abagabo ni ho batangura gukubita intahe.