Isite y'Imiyabaga
Home | Turi bande? | Tube turayaga | Izindi websites | Mutwandikire | Amafoto y'iwacu | Abahoze badutwara(Icongereza) | Amakuru | Ivyiyumviro

Tube turayaga

Aho hambere iwacu, twaraterama, umuntu yaba akuze mumuryango, agacira imigani canke utujajuro, eka ndetse n'ibisokoranyo, kubana biwe. Aho rero baba bari kugicaniro, bariko barota kumugoroba w'ijoro.

Reka rero turebere hamwe twese, ibintu bimwe na bimwe bakunda gukoresha mukuganira.

umurage_klein.jpg
Umugani w'ingene imbeba zatanguye kubana n'abantu

Ngo habaye umugabo yari yirimiye umurima w’uburo, ngo buze kugera kw’iyera rya bwo, akama asanga ari sinzi icamugeseye uburo. Bitayeko akama abona amakanda yâco. Umunsi umwe arayomboka, ngw’aze gushika hafi y’umurima, aza asanga ni bugungwe bw’intambwe, yaza kubusoroma ngo yironkere ico yikoreza urunyama rwa minsi yose. Araheza ivyo ubwoba arata, abwira wâ mugesera ati je mbarira icagutumye kumarira umurima w’uburo kandi aho nabwirimira utarushe uza n’ukumpa akavi. Yâ ntambwe iti maze shahu mukundendereza kose, ukaramuka ubonye uramvuye mu bijanja, uraheza uvuge ko uri umugabo wo kubûranira uburo bwawe.

 

Itangura rero kwinovora, ariko wâ mugabo abigira nk’uwutabibonye, arayibwira ati ingo riho tuje kwitwara, jewe sinoja kônerwa umurima ngo nongere ndawishure agahanga kanje! Baragenda gucibwa urubanza i bwami. Uno mugabo aratangura, gira Mwambutsa, mwami w’i Burundi. Jewe naririmiye umurima w’uburo, ngo haze kugera ko bwera, nkama nsanga sinzi icabunyoneye. Niho nahava nkaburarira, umunsi utari kure nkaza mbona ubwo bugesera kireguye nkuko cahora, nca menyeraho k’uburo bwanje atawundi yabumaze. None mwoducira urubanza.

 

Yâ ntambwe nayo igasubiraho, aho kwisambira irîvyimbisha ivuga iti urwo rubanza mukaramuka muruciye nabi, cabure mukaruca neza, ntabukiriro bwanyu ndabarya mwese! Abashingantahe ngo bavyumve batryo, bati urwo rubanza ruragoye ntaworushobora.

 

Buno basubiyinyuma igirango imwinambuze, bihura n’imbeba zaba muri buno buro nyéne, zirababwira ziti : ubwo mwoza twobacira urwo rubanza rwananiranye! Wâ mugabo ntâ kindi yari akirindiriye, yagira ngo ubwiwe bwarangiye. Ashitse aho zino mbeba ziri arapfa kurusubiza mu ntahe. Ngw’aze guheza imbeba ibaza yâ ntambwe iti : ubwo ga wâ ntambwe uwo mugabo ntakubêshera ? Iti cane nyene, kandi singenda ntamuriye, yamvyonze kera.

 

Imbeba nkuru muri zo ibwira yâ ntambwe iti maze kugira dukure impari, enda nyegera muri iki kinogo yari yâtezé turabe ko wari kubâsha gufatirwamwo. Yâ ntambwe yari yishimiye kw’inganji ari iyayo, inyegera muri câ kinogo. Igezeyo iraruma, umengo ico kinogo cari caremewe iyo ntambwe. Ntiyari ikibasha n'ugusegenyeza.

 

Zâ mbeba zibwira wâ mugabo ziti erega busa fata imarabwira uyitsindeyo, ahandi ho kazoba kabaye niwabona ikuvanyeyo. Wa mugabo arihanukira n'amaboko yose yiwe, atura mu bwonko bwa ca kigesera, gicikanira muri nya kinogo.

 

Uno mugabo afata nyâ mbeba azijana kuzitunga mu-nzu iwé, kubêra ico ciza zari zimugiriye. Ashika mbere azishikana mu kigega iyo ubundi buro bwari buri. Kuva ubwo niho imbeba zitabaye zigitandukana n’abantu.

 

Sije nohahera, hohera iyo ntambwe yishimiye ubugabo bwâyo ikibagira ubwenge bwayo buké.

Utujajuro

v     Urunyegeri rwamenekanye n’intango, ruti: “Abenga ni benge jewe ndenguye.”

v     Babajije gikona bati: “Mbega gikona ko ugenda wasamye?” Giti: “Ntawumenya iyo indya zituruka.”

v     Ikirogorye cagiye gusaba amazi kw’ijuru, inkuba iti: “Twa!” Giti: “Iyo mbura amazi ngakiza igufa!”

v     Babariye Samandari bati: “Urabona ga Samandari ukarya inkenekene zimena amaso?” Ati: “Ubusa bwo?”

v     Ikirogorye canyereye ku gishishwa, kirarwa, giti: “Haborewe jewe, harakantu abaruganye!”

v     Imbwa yahuye n’umusaza, abura ico ayiha, iti: “Haguhura n’umusaza wohura n’umwana, abura ico aguha akaguherekeza canke akakwirukana.”

v     Agaca kacakiye agahori, gati: “Uburyarya bwaraje, akaguruka ntikoriye akandi!”

v     Imbwa bayikubitiye ku mugezi, iti: “Ni ivyago binguyeko, sinahora mvoma!”

v     Inyamanza bayigeze ingumu umunani, iti: “Reka izo ni ko ndeha.”

v    Babajije Kangaratete ka Nyagahinga, bati: “Ko waritse make?” Ati: “Nayatsindagiye.” Arongera ati: “Umve iyo mvura ihinda, ihindiye mu giseke.” Bati : “Pfundurura turabe.” Ati: “Munyibukije yahise.”

Eyeguy wants to be friends

Walking dude
Samandari abesha Umwami.

Samandari wa Mandaranga yabwiye umwami ati :

- Mbega ko mbona udasambisha inkozi z’ikibi ?

Umwami ati :

- Uwakoze nabi nca ndamumenya.

- Ubwo ntabazira akadodoberezo ? Erega burya na we nokubeshera cofata !

- Uragira ndabe !

 

Bukeye, Samandari wa Mandaranga ahumbira imiganda ayitwara ayicuritse. Abamubonye baramubaza bati :

- Mbe Samandari ko utwaye imiganda uyicuritse ?

Na we ati :

- Nimukiye iyo ntashaka ! Aragenda, arashika n’ibwami, abwira umwami ati :

- Mwami w’i Burundi, nshaka kwiyubakira agasago aho mw’irebe ! Umwami ati :

- Inzu iraja mu yindi ? Samandari aramuhendahenda, amubwira ati :

- Ni agasago gatoyi gusa. Umwami agondojwe, arateba aremera ati:

- Ni wubake data ! Hanyuma Samandari wa Mandaranga azingazinga ka gasago, ashinga n’amashiga, aracana; umwotsi urafumbuka, urarenga n’ikare, urazibiranya !

Umwami ngo abibone ati :

- Hewe sohoka . Samandari ati :

- Oya sinsohoka, wewe cira inzu yawe, jewe ngira nturire rwanje ! Umwami ati :

- Sigaho, sigaho, ingoro yoyaga ! Ivyo birasiba.

 

Bukeye Samandari abwira Umwami ati :

- Ndashonje ! Umwami ati :

Ni bakubagire ikimasa ! Uwundi ati :

- Oya nticonshikira nkiriho. Mpa utunyabutongo ni two tunyaruka !

Amweretse aho asoroma, Samandari arakubise inkono iruzuye, asutsemwo amazi, arabijemwo urubeya rumwe ati : “Sabwe, sabwe, sabwe”. Kandi atawumuhamagaye. Abwiye umwami ati :

- Urandabira, uteko ucane. Jeho barampamagaye.

Umwami ati :

- Genda ivyo nti binanira.

Arasohoka, umwami asigara acanye. Samandari agarutse, arapfundurura inkono, asanga za nyabutongo zahotse. Aritangaza ati :

- Mwami w’i Burundi, sinasize inkono yuzuye, none inyabutongo zanje zagiye hehe ?

- Ubwo urikeka ko jewe nakuririye inyabutongo ?

- Ko nsanze inaga iri gusa, vuga uwundi yaziriye !

Umwami ati :

- Namba ntunyambike ibara ! Mpfuma ndazikuriha.

Samandari ati :

- Mbega inyabutongo zanje ubona woziriha iki ?

- Ndaguha inka zibiri .

Samandari ati :

- Inka zibiri nta co zomarira .

Hanyuma ati :

- Mwami w’i Burundi, ngira nkwereke ko ndi umusavyi. Ivyo ndabiretse mugabo ntuze usubire, kabiri karazirwa.

 

Haheze iminsi Samandari ararika ngo acumbe. Ntacumvye, ahakurira irobe ku nkoko. Hamwe ashizemwo intoke ngo abege, asubira kwiyitabisha kandi ngo :

“Sabwe, sabwe, sabwe !” Yiruka hanze, yimazayo akanya. Aragaruka. Ashitse yirabisha rya robe ati :

“Ha !! Ibi vyo ndabe ko abiva imbere !”

- Mwami w’i Burundi, ingo wirabire akamaramaza !

Umwami ati :

- Eheee ! Samanda, ugira usubire kumbeshera ?

- Oya, ubu hoho ngira ndabitware mu bagabo, wewe ubona udutoki atari utwo umwami ? Ubona izanje zisa zityo ?

Umwami aramaramara ati :

- Hora Samandari ntihagire uwuvyumva ! Ntumaramaze ngo hagire uwumva ko nakuririye agatsima ! Ndaguha ivyo ushaka vyose ! Samandari nawe ati :

- Ugende umpe inka zuzuye akabande, unyubakire urugo, ushiremwo abungere babiri, wongere unkwere umugore, mpeze data nkuvire mu rwawe !

Umwami arabigira ga !

 

Samandari wa Mandaranga amaze gushika muri rwa rugo, aritora, arashengera, abwira umwami ati :

- Mwami w’i Burundi, hamwe nakubwira nti, sambisha abaje kwicwa, ukagira ngo nta muntu yobesherwa, jewe ntubona ko nakubesheye bigafata ! None rero, kuva ubu, ba ubanza kubaza, ubone guhana uwagize nabi; ahandi ho, urabesheshwa.

 

Kuva uwo munsi, umwami n’abagabo ni ho batangura gukubita intahe.



Imiyabaga, twese hamwe, dukwiriye kuva hasi tukarondera amahoro y'igihugu cacu, nakare nitwebwe Burundi bwejo.

Copyright © 2005- Samuel Girukwishaka