Isite y'Imiyabaga

Turi bande?

Home
Turi bande?
Tube turayaga
Izindi websites
Mutwandikire
Amafoto y'iwacu
Abahoze badutwara(Icongereza)
Amakuru
Ivyiyumviro

Reka twidondorane

Jewe nitwa, GIRUKWISHAKA Samuel, nkaba ndi umurundi y'ahuye n'amagorwa menshi cane muntambara nkuko abenshi bavyiboneye. Navuye mu Burundi mfise imyaka 5 hanyuma tuca duhungira mugihugu ca Tanzania. Niho natanguri amashure y'intango, ndiga nayandi y'isumbuye kugera murya 10. Mugabo ubuzima ntibwari bworoshe munkambi, kubera imibereho y'abantu muba mudahujije ivyiyumviro, niho twaca dushima kuza ino muri Canada. Aho nari mfise imyaka 16. Amashure sinayahagaritse, n'arabandanije ubu ngeze muri grade yanyuma ya Secondaire. Nshitse ino, narabonye ibitangaza ariko atari ibitangaza vyinshi cane, ntari bwigere mbona kuva nakabaho. Ubwo rero naciye ntangura kubona itandukaniro ry'ibintu n'ibindi. Kugeza n'ubu rero ndaho nkaba mfise imyaka 18.

Amafoto

badm.gif

Ivyo nkunda.

Ndakunda amahoro bwambere. Ndakunda kubona abantu bose bakundana.

Ikiganiro kuri Television: Geographie ya Afrika.
Umuziki: Ingoma z'iburundi ni izambere
Igitabo: Abagererwa ba Afrika mu burayi.
Inkino: Umupira w'amaguru.
Abantu nkunda cane: Niwewe nimba nawe ukunda mugenzi wawe!

Iciyumviro.

Ndashaka kuzova muri ibi bihugu vyabandi nkasubiza umugongo inyuma iwacu.

Ndashaka, kandi Imana ibikunze, kuzofasha ibimuga n'abana bo mwibarabara, nakare nibo mwene wacu.

Imiyabaga, twese hamwe, dukwiriye kuva hasi tukarondera amahoro y'igihugu cacu, nakare nitwebwe Burundi bwejo.

Copyright © 2005- Samuel Girukwishaka